Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 21:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Bamwe mw’isinzi ryari aho bagasemerera bavuga bimwe, abandi bakavuga ibindi. Kubera ko uwo mukuru w’abasoda atashobora kumenya ukuri bitumwe n’urwamo rw’abantu, ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Abo mw ishengero barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo: abujijwe n’uruyogoyogo kumenya ukuri, avuga ko bamujana mw iboma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 21:34
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho.


Abasoda bashikanye Pawulo mw’ikambi, abaza wa mukuru w’abasoda ati: “Noshobora kugira ico ndababaza?” Na we aramwishura ati: “Urazi Ikigiriki?


wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.


Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.


Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.


Ariko umwishwa wa Pawulo yumva iyo nama, aca yiruka kw’ikambi abibarira Pawulo.


Ku musi ukurikira, abasoda bagendera hasi basubira mw’ikambi, abagendera ku mafarasi baba ari bo babandanya baherekeza Pawulo.


Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ