Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 21:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ariko bumvise ko wigisha Abayuda bose baba mu Banyamahanga ngo bave mu vyagezwe vya Mose, kandi ngo ntibakebe abana babo, canke ngo babeho nk’uko imigenzo y’Abayuda ibitegeka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kandi bābariwe ivyawe, yuko wigisha Abayuda bose bari mu banyamahanga guheba ivya Mose, ukavuga ngo ntibakwiye gukeba abana babo canke kugendera mu migenzo yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 21:21
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Pawulo yipfuza kujana na we ku rugendo yari ariko, araheza abanza kumukeba ku gitsina gabo kubera Abayuda bo muri ako karere, kuko bose bari bazi ko se yari Umugiriki.


None tubigenze dute? Nta nkeka bazokwumva ko waje.


Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.”


Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.


mu kugerageza kutubuza kwigisha Abanyamahanga kugira ngo bakizwe. Mu gukora ivyo, birundanirizako ivyaha. Ariko uburake bw’Imana bwabashitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ