Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 21:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ashitse aho turi, afata umukanda wa Pawulo, awibohesha amaboko n’amaguru, avuga ati: “Mpwemu Yera avuze ati: ‘Uku ni ko Abayuda b’i Yerusalemu bazoboha nyene uwu mukanda, hanyuma bamurekurire mu maboko y’Abanyamahanga.’ ”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Aza aho turi, yābīra umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, at’ Uku ni ko Mpwemu Yera agize: Nyen’ uyu mukanda, uku ni kw Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 21:11
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu ahejeje gusenga, ajabuka umwonga wa Kidironi ari kumwe n’abigishwa biwe, maze baja mw’itongo ryari hakurya.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


Wa mukuru w’abasoda aca araseruka, aramufata, ategeka ko bamubohesha iminyororo ibiri, hanyuma abaza uwo ari we n’ico yakoze.


Twururutse tuhasanga abigishwa baho, duca tumarana na bo imisi indwi. Baca bavugishwa na Mpwemu Yera ko Pawulo adakwiye kubandanya urwo rugendo ruja i Yerusalemu.


Bamaze kumuboha ngo bamukubite, Pawulo aca abaza umukuru w’abasoda ijana yari ahagaze aho ati: “Mbega biremewe n’amategeko gukubita Umuroma, ata rubanza rwamutsinze?”


Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesito, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.


Pawulo asubizayo ati: “Umwanya waba muto canke munini, nta co bitwaye. Ico nsaba Imana n’uko atoba wewe gusa, ariko n’abariko baranyumviriza bose uwu musi bomera nkanje, uretse iyi minyororo.”


Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.


Ni co gituma nabinginze ngo muze kugira ngo tuganire, ndabamenyeshe ko mbohewe ivyizigiro ubwoko bw’Abisirayeli bwari bwiteze.”


Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:


Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”


Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu ku bwa mwebwe Abanyamahanga,


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.


Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi ya nyuma abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati: “Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ