Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 20:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 20:4
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abandi bigishwa bamaze kuza bakegeranira aho yari ari, aca arahaguruka, asubira mu gisagara. Bukeye we na Baranaba baca barahava, baja i Derube.


Intumwa zibimenye, zica zihungira mu bisagara vya Lusitira na Derube biri i Lukawoniya, no mu micungararo.


Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho umwigishwa yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki.


Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.


Maze Pawulo na Silasi baca muri Amfipoli na Apoloniya, bashika i Tesalonike, ahari isinagogi y’Abayuda.


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mesopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya,


Pawulo aca ahitamwo kubandanya adahagaze muri Efeso, kuko yanka kumara uwundi mwanya muri Aziya. Yariko yihutira ko, hamwe bimushobokeye, yoshika i Yerusalemu ku musi wa Pentekoti.


Bashitse, arababwira ati: “Murazi ingene nabanye namwe uhereye ku musi wa mbere nashikiye muri Aziya gushika uno musi.


(Ivyo babivuze kubera bari baheruka kubona Umunyefeso yitwa Tirofimo ari kumwe na Pawulo mu gisagara, baca bibaza ko yamujanye mu rusengero.)


Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.


Timoteyo, uwo dukorana, arabaramutsa, co kimwe na Lukiyo, Yasoni na Sosipateri Abayuda bagenzanje.


Gayo, ampaye indaro hamwe n’ishengero ryose rikoranira iwe barabaramutsa. Erasito, umunyabigega w’igisagara, hamwe na mwene Data Kwarito barabaramutsa. [


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:


Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo “Egome” na “Oya,” muri we ni “Egome” gusa.


Tukiko, umuvukanyi nkunda kandi umukozi w’umwizigirwa mu Mwami, azobabwira vyose, kugira ngo namwe mumenye uko meze n’ivyo ndiko ndakora.


Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Tukiko azobabwira amakuru yose anyerekeye. Ni mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, uwo dusangiye igikorwa c’Umwami.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,


Ndakwandikiye mwana wanje nkunda Timoteyo: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Erasito yasigaye i Korinto, kandi nasize Tirofimo agwariye i Mileto.


Ninakurungikira Arutemasi canke Tukiko, uze ugerageza unsange i Nikopolisi, kuko nahisemwo kuzomarayo igihe c’imbeho nyinshi cane.


Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.


Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ