Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 20:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Murazi ko mu vyashobora kubagirira ikimazi vyose ata na kimwe nabahishije, uhubwo navuze ubutumwa nongera nigisha mu makoraniro no mu nzu zanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kandi murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 20:20
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nta kintu na kimwe yabigishije adakoresheje imigani. Ariko asigaranye n’abigishwa biwe bonyene, yaca abasigurira vyose.


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


Kuko ata na kimwe mu vyo Imana yashaka ko mumenya vyose ntababwiye.


Nuko rero mube maso kandi mwibuke ko mu myaka itatu tumaranye ntigeze mpengeshanya, ijoro n’umurango, kuburira umuntu wese muri mwebwe n’amarira menshi.


Aca yumvikana n’umugore wiwe, bafata igice c’amahera bakuyemwo barakinyegeza, bazana ayasigaye bayashikiriza intumwa.


Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.


Mpwemu w’Imana yiyerekanira mu ngabire kuri umwe umwe wese ku neza ya bose.


Bene Data, mbega iyo nza iwanyu mvuga mu ndimi, nari kubamarira iki ntabazaniye ivyo nahishuriwe, amajambo y’ubwenge, ubuvugishwa canke inyigisho?


Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe bibivuga,


Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.


Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.


wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ