Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 2:45 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bivanye n’ubukene bw’umwe umwe wese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 amatongo yabo n’ibintu vyabo bārabigura, bakabibagabanganya bose, nk’uk’ umuntu wese akennye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 2:45
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Nta n’umwe yagira ico akeheje muri bo, kuko abari bafise amatongo canke amazu, babigurisha bakazana amahera vyaguzwe,


bakayashikiriza intumwa, maze na zo zikayabagabanganya, umwe umwe wese akaronka ayakwiranye n’ivyo akenye.


Ntivyari bikwiye ko ndinda kubandikira mwebwe abizera ivy’iki gikorwa co gutanga,


Nk’uko Ivyanditswe bibivuga: “Batanga isabagire ku bakene, ukugororoka kwabo kwamaho ibihe bidashira.”


Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ