44 Abizera bose baba hamwe kandi basangira ivyabo vyose.
44 Abizeye bose bāba hamwe, basangira ivyabo vyose:
Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose.
yagurishije itongo maze azana amahera yose ayashikiriza intumwa.
Aca yumvikana n’umugore wiwe, bafata igice c’amahera bakuyemwo barakinyegeza, bazana ayasigaye bayashikiriza intumwa.
Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire mu mutima wawe ukore ikibi nk’ico? Erega si twebwe wahenze, ahubwo wahenze Imana!”
Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.