Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 2:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 2:42
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.


Maze abo bigishwa babiri na bo babiganira ivyabaye mu nzira bariko baragenda, n’ukuntu bamumenye amaze kumanyagura umukate.


Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


Nuko aca asubira hejuru, basangira ingaburo y’Umwami. Pawulo aca abandanya yigisha gushika bukeye, hanyuma aragenda.


Ku mugoroba w’umusi w’Isabato duhurira hamwe ngo dusangire ingaburo y’Umwami, hanyuma Pawulo arabigisha gushika mu gicugu kuko bwaca agenda.


Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bababwiye.


Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.


hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”


Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami hanyuma ngo mwongere munywere ku gikombe c’abadayimoni. Ntimushobora kurira ku meza y’Umwami hanyuma ngo mwongere murire ku meza y’abadayimoni.


Ndabashimira cane ko munyibuka mu vyo mukora vyose, kandi mukaba mwarumiye ku nyigisho zanje nk’uko nazibahaye.


Bene Data, mbega iyo nza iwanyu mvuga mu ndimi, nari kubamarira iki ntabazaniye ivyo nahishuriwe, amajambo y’ubwenge, ubuvugishwa canke inyigisho?


Ndatangajwe n’ingene mwihuse kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


kuko twafatanije gukwiza Ubutumwa Bwiza, uhereye igihe mwabwumva kugeza n’ubu.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Mushishikarire gusenga, mube maso kandi mushima.


Ariko weho, wumire ku vyo wigishijwe ukavyakira. Urazi ko ari ivy’ukuri, kuko urazi uwabikwigishije.


Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.


Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.


Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.


Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.


Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ