Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 2:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’iry’abana banyu, n’iry’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 2:39
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo,


Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Simoni Petero yadusiguriye ingene kuva mu ntango Imana yitayeho Abanyamahanga kugira ngo ibitoranirizemwo abazokwitirirwa izina ryayo.


Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Imana, yoyo izi imitima y’abantu, yerekanye ko ibemeye mu kubaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye.


Kuko Imana idasubira ku ngabire yatanze canke ngo ihebe abo yatoranije,


Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.


Kandi natwe turi muri abo yatoranije, bamwe ibakuye mu Bayuda abandi ibakuye mu Banyamahanga.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Kuko umugabo atizera yezwa biciye ku mugore wiwe, kandi n’umugore atizera yezwa biciye ku mugabo wiwe. Ahandi ho abana banyu bobaye abahumanye, ariko noneho barejejwe.


Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Hari umubiri umwe n’Impwemu imwe, nk’uko mwahamagariwe ivyizigiro bimwe vyo muri kazoza;


Ni co gituma twama tubasengera, dusaba Imana ngo ibafashe kugira ubuzima buhwanye n’umuhamagaro wayo, kandi kugira ngo mu bubasha bwayo, ishitse intumbero nziza n’ibikorwa vyiza vyanyu vyose biva mu kwizera.


Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,


Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivyankenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe.


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ