Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 19:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Babonye ko ari Umuyuda, baca badugiriza urwamo rimwe bamara nk’amasaha abiri bavuga bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ariko bamumenye kw ar’ Umuyuda, bose basemererera icarimwe, bamara nk’amasaha abiri, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 19:34
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyo musenga, ntimuvuge amajambo menshi nk’abatizera Imana, biyumvira ko Imana ibumva kubera amajambo menshi bavuze.


Babazana imbere y’abacamanza b’Abaroma, bavuga bati: “Aba bantu ni Abayuda, kandi bariko baragumura igisagara,


Iyo migumuko yadutse ivuye ku mugabo yitwa Demetiriyo yari afise umwuga wo gucura ibintu mw’ifeza, ni na we yakora mw’ifeza utunyabugoro tw’ikigirwamanakazi Arutemi, kandi uwo mwuga wazanira inyungu nini abawukora.


None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba.


Bavyumvise barashavura cane, batangura gusemerera bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!”


Bamwe mw’ikoraniro bumvisha Alegizandere, uwo Abayuda bashize imbere, ivyariko biraba. Nuko na we arabamama kugira ngo asigure ibiriko biraba.


Umunyamabanga w’igisagara arabahoyahoya, ababwira ati: “Yemwe bantu bo muri Efeso, abantu bose barazi ko mu gisagara ca Efeso ariho hari ingoro ya Arutemi, n’igishusho cayo cakorotse kiva mw’ijuru.


Ko wigisha abantu ngo ntibasambane, ni kuki usambana? Ko uvuga ko wanka ibigirwamana, ni kuki wiba ibikoresho vyo mu ngoro zavyo?


Abantu bose basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, basenga na ca gikoko bavuga bati: “Ni nde ahwanye n’ico gikoko? Ni nde yokigwanya akakinesha?”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ