Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 19:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 19:29
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.


Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.


Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”


Abantu bose n’abatware b’igisagara bavyumvise bagira uruhagarara.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Aca arungika babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo na Erasito, baja i Makedoniya, na we aca amara ikindi gihe gito muri Aziya.


Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho.


Namwe ubwanyu murazi ko nakoresheje amaboko yanje nkibeshaho nkongera nkabeshaho n’abo twagendana.


ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Maze umugumuko ukwira igisagara cose, abantu baza bariruka bavuye mu mihingo yose. Bafata Pawulo, bamukwegera inyuma y’urusengero, ubwo nyene imiryango yarwo ica irugarwa.


Wewe nturi wa Munyegiputa yatera umugararizo mu misi iheze, agatwara mu bugaragwa abicanyi ibihumbi bine?”


Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.


Gayo, ampaye indaro hamwe n’ishengero ryose rikoranira iwe barabaramutsa. Erasito, umunyabigega w’igisagara, hamwe na mwene Data Kwarito barabaramutsa. [


Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo,


Ariko nibaza ko twebwe intumwa tumeze nk’imbohe z’intambara zigenewe kwicwa. Imana yadushize ku murongo inyuma y’abadufashe mpiri, mu birori vyazo vyo kwigina intsinzi. Twahindutse akamenyo kw’isi yose, mu maso y’abamarayika no mu maso y’abantu.


Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.


Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ