Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 19:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Kandi urudandazwa rwacu si rwo rwonyene ruzota agaciro, ariko n’ingoro y’imanakazi ihambaye Arutemi ntizosubira kwubahwa, ndetse na Arutemi, ari yo manakazi isengwa muri Aziya no kw’isi yose, izoba yambuwe icubahiro c’ubumana bwayo.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 S’ukw igikorwa cacu kiri mw irinde kigiye gukēngērwa gusa, ariko kandi n’ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi yotītūrwa, mbere yonakūrwakw icubahiro cayo gikomeye, ari yo abo muri Asiya bose n’isi yose basenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 19:27
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.


Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


n’uguharira ata ho gushikana hagati y’ab’ubwenge bwapfuye, banyazwe ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi.


Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.


Ku mutwe umwe w’ico gikoko hari igikomere giteye ubwoba, cashobora kucica, ariko ico gikomere gica kirakira. Maze isi yose itangarira cane ico gikoko, iranagikurikira.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Mu nyuma haza umumarayika agira gatatu, na we akurikira avuga n’ijwi rirenga ati: “Nihagira uwusenga ca gikoko n’igishushanyo caco, canke akemera gushirwako ca kimenyetso caco mu ruhanga canke mu kiganza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ