Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 18:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Pirisila na Akwilasi bumvise ingene yigisha mw’isinagogi ashize amanga, baca bamujana iwabo, babandanya kumusigurira neza inzira y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Atangura kuvugira mw isinagogi ashize amanga. Maze Purisikila na Akwila bamwumvise, bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 18:26
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa na bike afise.


Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.


Inyuma y’ivyo, Pawulo amara igihe aba i Korinto, hanyuma asigayo bene Data, afata ubwato aja muri Siriya, aherekejwe na Pirisila na Akwilasi. Imbere yo gufata urugendo, Pawulo yabanje guca i Kenkireya aho yimweshereje umushatsi kubera isezerano yari yarasezeranye.


Yari yarigishijwe inzira y’Umwami Yesu, kandi n’aho yari yabatijwe umubatizo wa Yohana gusa, yigisha ivya Kristo ashize amanga mu kuri kwose.


Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Na we aramwishura ati: “Nobitahura gute atawubinsiguriye?” Aca asaba Filipo ngo yurire mu mukogote, baricarana.


Ijisho ntiryobarira ukoboko riti: “Sindagukeneye,” kandi umutwe ntiwobwira ibirenge uti: “Sindabakeneye.”


Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,


Iyo umuntu yibwira ko azi ikintu, ntaba arakimenya gushika ku rugero yategerezwa gushitsako mu kukimenya.


Ni co gituma dukwiye guhindukirira inyigisho z’abakuze, tukava ku nyigisho za mbere z’ivy’ubutumwa bwa Kristo. Ntidukwiye gusubira gushiraho amatanguriro y’ivyo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, ivyo kwizera Imana,


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ