Ivyakozwe 18:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe18 Inyuma y’ivyo, Pawulo amara igihe aba i Korinto, hanyuma asigayo bene Data, afata ubwato aja muri Siriya, aherekejwe na Pirisila na Akwilasi. Imbere yo gufata urugendo, Pawulo yabanje guca i Kenkireya aho yimweshereje umushatsi kubera isezerano yari yarasezeranye. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 Paulo amaray’ iyindi misi myinshi hanyuma y’ivyo, maz’ asezera bene Data, avudukayo ari mu bgato ngw aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwikemuriza i Kenkireya: kuko yari mw isezerano. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |