Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 17:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze Pawulo na Silasi baca muri Amfipoli na Apoloniya, bashika i Tesalonike, ahari isinagogi y’Abayuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hārih’ isinagogi y’Abayuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 17:1
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.


Kuko ivyagezwe vya Mose vyama vyigishwa kuva kera mu masinagogi no mu bisigara, bigasomwa buri sabato.”


Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye.


Bugorovye, bene Data barungika Pawulo na Silasi i Beroya. Bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda.


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.


kuko n’igihe nari i Tesalonike, mwagumye mundungikira ivyo nari nkeneye.


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye, mwebwe abo mw’ishengero ry’i Tesalonike bari mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo: Ubuntu n’amahoro bibane namwe.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’i Tesalonike riri mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ