Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 16:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Bamaze kubakubita cane, baca babaterera mw’ibohero, bategeka umukuru w’ibohero kubarinda cane kugira ngo ntibatoroke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 16:23
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we, muce mumufata.”


Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.


Bukeye, haba uruhagarara hagati y’abasoda, bibaza ivyashikiye Petero.


Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.


Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse.


Wa murinzi w’ibohero aca abarira Pawulo ati: “Abacamanza bategetse ko mwe na Silasi murekurwa. None rero murashobora kwigira. Mugende amahoro.”


bavuga bati: “Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, ariko twuguruye twasanze ata n’umwe ariyo.”


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


mu gukubitwa, mu gushirwa mw’ibohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara ijoro, mu gusonza.


Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu ku bwa mwebwe Abanyamahanga,


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu,


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ