Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 16:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abacira, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze ba shebuja babonye yukw ico bazigakw inyungu kivuyeho, bafata Paulo na Sila, barabakwega babajana mu kaguriro imbere y’abashingantahe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 16:19
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma bazobafata babahame, ndetse babice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje.


Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Mu nyuma, Abayuda n’Abanyamahanga bamwe, bari kumwe n’abatware babo, baja inama yo kugirira nabi intumwa no kuzicisha amabuye.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


abagabo bahevye ubuzima bwabo ku bw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Pawulo ahitamwo kujana na Silasi, bamaze gusengerwa n’abizera bakabaragiza ubuntu bw’Umwami Imana.


Umusi umwe, turiko turaja ha hantu ho gusengera, duhura n’umuguranokazi yari afise impwemu yo kuragura, yatuma amenya ivya kazoza, agacira amahera menshi ba shebuja mu kuragura.


Babazana imbere y’abacamanza b’Abaroma, bavuga bati: “Aba bantu ni Abayuda, kandi bariko baragumura igisagara,


Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.


Wa murinzi w’ibohero aca atumako urumuri, yiruka mu cumba Pawulo na Silasi barimwo, yikubita imbere y’ibirenge vyabo.


Bababuze baca bafata Yasoni na bamwe muri bene Data, babajana babakwega imbere y’abacamanza, basemerera bati: “Aba bagabo Pawulo na Silasi bateye imigumuko kw’isi hose, none bashitse na hano mu gisagara cacu.


Maze umugumuko ukwira igisagara cose, abantu baza bariruka bavuye mu mihingo yose. Bafata Pawulo, bamukwegera inyuma y’urusengero, ubwo nyene imiryango yarwo ica irugarwa.


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”


mu gukubitwa, mu gushirwa mw’ibohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara ijoro, mu gusonza.


Turi kumwe muri iyo ntambara. Mwarabonye ingene nayigwanye muri kahise, kandi murazi ko n’ubu nkiri muri yo.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


Gukunda amahera ni umuzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuronka amahera, maze bangarira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.


Ariko mwebwe mutetereza umukene! Mbega si abatunzi babacuranguza bongera babashengeza mu bucamanza?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ