Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 16:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Umusi umwe, turiko turaja ha hantu ho gusengera, duhura n’umuguranokazi yari afise impwemu yo kuragura, yatuma amenya ivya kazoza, agacira amahera menshi ba shebuja mu kuragura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 16:16
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye.


Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: “Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo.” Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.


Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abacira, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi.


Iyo migumuko yadutse ivuye ku mugabo yitwa Demetiriyo yari afise umwuga wo gucura ibintu mw’ifeza, ni na we yakora mw’ifeza utunyabugoro tw’ikigirwamanakazi Arutemi, kandi uwo mwuga wazanira inyungu nini abawukora.


Gusenga ibigirwamana, uburozi, urwanko, amatati, ishari, uburake, ukwikunda, ukwicamwo ibice, kwitandukanya,


Gukunda amahera ni umuzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuronka amahera, maze bangarira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.


Nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose, ni ko n’abo bantu bagwanya ukuri. Ubwenge bwabo bwarapfuye, kandi ukwizera kwabo ni ukw’ubusa.


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ