Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 15:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 15:5
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?


Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.”


Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.


Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose.


Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.


Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,


Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”


Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari.


Nk’akarorero, nimba umugabo yari yarakebwe imbere y’uko ahamagarwa, ntarondere kuba uwudakebwe. Niyaba na ho atari yarakebwe igihe yahamagarwa, ntarondere gukebwa.


Ariko, igihe Kefa yaza muri Antiyokiya, namuharirije turi imbere y’abandi bose kuko vyaboneka ko ariko akora ibimutsindisha.


Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: “Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ