Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 15:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 15:25
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo,


Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.


Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Ariko Pawulo na Baranaba bagumye muri Antiyokiya, aho bo n’abandi benshi bigishije bongera bavuga Ijambo ry’Umwami Yesu.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero barakorana bigira hamwe ico kibazo.


Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe.


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


Muntahirize Tirifina na Tirifoza, bitanze cane mu gukorera Umwami. Muntahirize kandi n’umukunzi wanje Perisida, yitanze cane mu gukorera Umwami.


Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Tukiko, umuvukanyi nkunda kandi umukozi w’umwizigirwa mu Mwami, azobabwira vyose, kugira ngo namwe mumenye uko meze n’ivyo ndiko ndakora.


Tukiko azobabwira amakuru yose anyerekeye. Ni mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, uwo dusangiye igikorwa c’Umwami.


Azananye na Onesimo, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.


atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu.


Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ