Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 14:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Bavuye muri Ataliya, baciye bafata ubwato basubira muri Antiyokiya ho muri Siriya, aho bari basengewe ng’Ubuntu bw’Imana buzobane na bo ku bw’ico gikorwa bari barangije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 14:26
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.


Muri ico gihe, abavugishwa n’Imana bamwe bamanutse bava i Yerusalemu, baja muri Antiyokiya.


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Nuko bavuga Ubutumwa Bwiza muri ico gisagara kandi baharonka igitigiri kinini c’abigishwa. Hanyuma baca basubira i Lusitira, muri Ikoniyo no muri Antiyokiya


Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Nuko abo bantu baca barabarungika bamanuka muri Antiyokiya, bakoranya ishengero, babashikiriza rya kete.


Pawulo ahitamwo kujana na Silasi, bamaze gusengerwa n’abizera bakabaragiza ubuntu bw’Umwami Imana.


Ubu rero ndabaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bwayo, ryo rishobora kubakomeza mu kwizera no kubaha kuragwa ivyiza hamwe n’abera.


Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Ariko, igihe Kefa yaza muri Antiyokiya, namuharirije turi imbere y’abandi bose kuko vyaboneka ko ariko akora ibimutsindisha.


Nahindutse umukozi waryo kubera igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ijambo ryayo ryuzuye.


Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.


Mumbwirire Arukipo muti: “Gira ibishoboka vyose ushitse igikorwa wahawe n’Umwami.”


wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ