35 Ahandi naho havuga ngo: ‘Ntuzoreka uwera wawe ngo abore.’
35 No muri Zaburi yindi yavuze, ngo Ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore.
Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo w’Umwami Imana.
Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”
Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”
Ukwizera ni kwo kwatumye Enoki ajanwa mw’ijuru atabanje gupfa. Yarazimanganye abantu baramubura, kuko Imana yamujanye. Imbere yo kujanwa, yari azwi nk’umuntu ahimbara Imana.