yagishikije ku bwacu, twebwe abana babo, mu kuzura Yesu mu bapfuye. Ibi ni vyo vyanditswe muri Zaburi ya kabiri ngo: ‘Uri umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye.’
Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.