Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 13:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 13:27
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.


Yesu aramubwira ati: “Petero, ndakubwire ukuri, isake itarabika uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi.”


Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, abatware n’abari aho bose,


Abakuru b’abaherezi n’abatware bacu baramutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, maze baramubamba,


Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.


Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.


Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Nuko Yesu arababwira ati: “Nimwamara kumanika Umwana w’Umuntu ku musaraba ni ho muzomenya ko ndi uwo ndiko ndababwira, kandi ko ata co nkora nigeneye, ahubwo ko mvuga ivyo Data yanyigishije.


Kuko ivyagezwe vya Mose vyama vyigishwa kuva kera mu masinagogi no mu bisigara, bigasomwa buri sabato.”


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.


Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ