Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 11:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 11:18
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.


Intumwa n’abandi bizera b’i Yudaya bumva ko Abanyamahanga na bo bakiriye ijambo ry’Imana.


Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose.


Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,


Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”


Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.


Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko Abanyamahanga batigeze barondera ukugororoka, bakuronse baguhawe n’ukwizera.


Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.


Umubabaro uvuye ku Mana utera ukwihana, ukwihana na kwo gushikana ku gakiza, kandi ntutera ukwicuza. Ariko umubabaro wo muri iyi si ujana mu rupfu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ