Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 11:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nca nibuka ivyo Umwami Yesu yavuze, ati: ‘Yohana yabatiza mu mazi, ariko mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nibuka rya jambo ry’Umwami Yesu, uko yavuze, ati Yohana yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatizwa na Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 11:16
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.


Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza muri Mpwemu Yera.”


Nuko Yohana abwira bose ati: “Jewe ndababatiza mu mazi. Ariko hagiye kuza uwundusha ubushobozi; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Yohana arishura ati: “Jewe mbatiza abantu mu mazi, ariko hagati muri mwebwe hahagaze umuntu mutazi.


Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’


Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo nivyashika, muze mwibuke ko nari narabibabwiye. Icatumye ntabibabwira mu ntango ni uko nari nkiri kumwe namwe.


Kuko Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”


Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ ”


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


Bakundwa, iri ni ikete rya kabiri ndabandikiye. Muri ayo yose uko ari abiri, nagomba gukangura imitima yanyu ngo mwiyumvire neza ku vyo nabandikiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ