Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 10:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Haguruka wururuke kandi ntutinye kujana na bo kuko ari jewe nabarungitse.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 None va hasi, wururuke ujane na bo ata co ukekeranya, kukw ari jewe mbatumye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 10:20
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arababwira ati: “Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.


Petero arururuka, abwira ba bantu ati: “Ni jewe muriko murarondera. Muzanywe n’iki?”


Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,


Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga rya Kupuro.


Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza, imwe batagicamwo.”


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ