Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 10:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 10:15
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icinjira mu kanwa k’umuntu, si co kimuhumanya. Ariko ikiva mu kanwa kiwe, ni co kimuhumanya.”


Kuko ntibija mu mutima wiwe, ahubwo bija mu nda yiwe, hanyuma bigasohoka.” (Mu kuvuga ibi, Yesu yariko yerekana ko ata vyokurya bihumanya.)


Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.


Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.


Rya jwi ryongera kuvuga ubwa kabiri rivuye mw’ijuru riti: ‘Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.’


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.


Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we.


Ntugasambure igikorwa c’Imana kubera ivyokurya. Mu vy’ukuri, nta co kurya na kimwe gihumanye, ariko ni bibi kurya indya zituma mwene Data wundi agwa mu caha.


Muze murye inyama izo ari zo zose zashowe mu kaguriro, ata co murinze kuzibazako,


Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye.


Izo nzabibu ziganirwa mu bwato buri inyuma y’igisagara, amaraso yazo araduga gushika ku minwa y’amafarasi, yongera arasanzara gushika nko ku birometero amajana atatu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ