Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 1:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 1:14
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu akiriko aravugana n’abantu isinzi bari aho, nyina na bene nyina baraza bahagarara hanze, bashaka kuvugana na we.


Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”


Abagore benshi bari bavuye i Galilaya bazananye na Yesu kugira ngo bamushigikire mu gikorwa ciwe, bari ngaho babirabira kure.


Ico gihe hariho abagore bariko barabikurikirana bari kure. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hamwe na Salome.


Isabato iheze, Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Salome baja kugura amavuta amota neza kugira ngo baje kuyasiga umubiri wa Yesu.


Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”


Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.


Ariko abari bazi Yesu, harimwo na ba bagore bari bamukurikiye kuva i Galilaya, bagumye bahagaze aho bakurikiranira kure ivyariko biraba.


Nuko ba bagore bavana na Yesu i Galilaya, bakurikira Yosefu, barabona ya mva, babona n’ukuntu ikiziga ca Yesu kiryamitsweyo.


Abo bagore bagiye kubwira intumwa ivyabaye bari Mariya Magadalena, Yowana, na Mariya nyina wa Yakobo, n’abandi bagore bari kumwe na bo.


Ubwo nyene baca barahaguruka basubira i Yerusalemu. Bashitseyo, basanga bamwe cumi n’umwe n’abari kumwe na bo bakoraniye hamwe,


Imisi yose bama mu rusengero, bahimbaza Imana.


Umuntu umwe aca amubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bariko barakurondera.”


Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe.


Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”


Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.


Ni co gituma nimba hari uwuvuga mu ndimi zitamenyekana yari akwiye gusenga Imana ngo imushoboze gusobanura ivyo avuga.


Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


Mushishikarire gusenga, mube maso kandi mushima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ