Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 9:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 9:20
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko Yohana yaje akabereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.


None rero, ko turi uruvyaro rwayo, ntidukwiye kwiyumvira ko Imana imeze nk’igishushanyo gikozwe mu nzahabu, mw’ifeza canke mw’ibuye, mu buhinga n’amaboko vy’abantu.


None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba.


Ico gihe ni ho bakora ikigirwamana mw’ishusho y’inyana y’inka. Bagishikanira ibimazi bongera bagira umusi mukuru wo kwigina ico kintu bari bakoresheje amaboko yabo.


Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.


Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi ya nyuma abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni.


Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.


Umumarayika wa kane na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku zuba, rica rihabwa ububasha bwo guturiza abantu umuriro waryo.


Ububasha bw’ayo mafarasi bwari mu kanwa no mu mirizo vyayo; kuko imirizo yayo yari ifise imitwe nk’iy’inzoka kandi yari ifise ububasha bwo gukomeretsa abantu.


Ntibigeze kandi bihana ubwicanyi, amareba, ubusambanyi n’ubusuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ