Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 8:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 8:12
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha, inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’


Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha y’icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose.


Muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,


Kuva isaha zitandatu z’umurango, igihugu cose gitwikirwa n’umwijima gushika isaha y’icenda.


Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda.


Izuba rizohinduka umwijima, ukwezi guhinduke amaraso, imbere y’ukuza kwa wa musi w’Uhoraho uhambaye kandi w’ubwiza.


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


Umurizo waco uhungurura ica gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera kw’isi. Maze ca gisato gica gihagarara imbere ya wa mugore yagira yibaruke kugira ngo gice kimira uwo mwana akivuka.


Umumarayika wa gatanu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku ntebe y’inganji ya ca gikoko, ubwami bwaco buca bwuzura umwijima. Ababubamwo bihekenya indimi kubera imibabaro barimwo,


Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso,


Nuko ba bamarayika bane bararekurwa. Bari bateguriwe iyo saha, uwo musi, uko kwezi, uwo mwaka nyene, kugira ngo bice ica gatatu c’abantu bari kw’isi.


Nuko ica gatatu c’abari kw’isi bicwa n’ivyago bitatu vy’umuriro, umwotsi, n’ibizuku vyava mu kanwa k’ayo mafarasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ