Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 7:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 7:17
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yuda, nturi mutoya mu bisagara vya Yuda, kuko muri wewe hazokomoka umurongozi azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’”


Harahiriwe abarira, kuko ari bo bazohozwa.


Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.


Jewe ndi umwungere mwiza; ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi,


Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta co ufise co kuvomesha kandi iriba ni rirerire. Ayo mazi y’ubugingo woyakura he?


ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.


Abo ni bo batandujwe n’abagore, ariko bazigamye ukwera kwabo, bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Bacunguwe bakuwe mu bantu, kugira ngo bashikanirwe Imana na wa Mwagazi nk’ivyeze ubwa mbere.


Nta rusengero nabonye muri ico gisagara, kuko Umwami Imana Mushoboravyose n’Umwagazi w’intama ari bo rusengero rwaho.


Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho.


Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


Yongera ambwira ati: “Birarangiye. Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo. Uwunyotewe nzomuha kunywa ku mbizi z’amazi y’ubugingo ku buntu.


Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama,


“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ