Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 5:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 5:14
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?


Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati: “Amen! Haleluya!”


Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.


Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane. Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Nongeye kuraba kandi, nca numva amajwi y’abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bakikuje ya ntebe y’inganji, n’aya vya binyabugingo, na ba bashingantahe,


Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.


Umaze kuwakira, vya binyabugingo bine na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere yawo. Umwe wese muri bo yari afise inanga, kandi bari bafise inzavya zikozwe mu nzahabu zuzuye ibimota neza, ari yo masengesho y’abera.


bavuga bati: “Amen! Guhimbazwa, ubwiza, ubwenge, amashimwe, icubahiro, ububasha n’inkomezi, bibe ivy’Imana yacu ibihe vyose. Amen!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ