Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 5:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 baririmba n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi w’intama we yishwe, arabereye, kwakira ububasha, ubutunzi, ubwenge, inkomezi, icubahiro, ubwiza, n’amashimwe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 5:12
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Wamuhaye ububasha ku bantu bose kugira ngo ahe ubugingo budashira abo wamuhaye bose.


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Umwami ahoraho, adapfa, ata boneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.


Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje, Mwami, Imana Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’amahanga.


Inyuma y’ivyo nca numva amajwi asamirana mw’ijuru ameze nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, asemerera ati: “Haleluya! Agakiza, icubahiro n’ubushobozi, ni ivy’Imana yacu,


“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti: “Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha, ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe, ibihe vyose!”


Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.


Umaze kuwakira, vya binyabugingo bine na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere yawo. Umwe wese muri bo yari afise inanga, kandi bari bafise inzavya zikozwe mu nzahabu zuzuye ibimota neza, ari yo masengesho y’abera.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”


bavuga bati: “Amen! Guhimbazwa, ubwiza, ubwenge, amashimwe, icubahiro, ububasha n’inkomezi, bibe ivy’Imana yacu ibihe vyose. Amen!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ