Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 4:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo ndarangamiza, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 4:1
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma.


Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma.


Mu gihe abantu bose bariko barabatizwa, Yesu na we yabatijwe hamwe na bo. Ariko arasenga, ijuru riruguruka,


Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.


Abona ijuru ryugurutse, abona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururutswa hasi gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine.


Aca avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryugurutse, mbona n’Umwana w’Umuntu ahagaze i buryo bw’Imana.”


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Mpindukiye ngo ndabe uwuriko aramvugisha, nca mbona ibiterekwako amatara indwi bikozwe mu nzahabu,


Wandike rero ivyo wabonye vyose, ibiriko biraba n’ibiza gukurikira.


Hanyuma humvikana ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Nimuduge muze hano!” Nuko baduga mu gicu baja mw’ijuru abansi babo babaraba.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!”


Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.


Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ