Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 22:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kandi ni hagira umuntu akūra ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukūra ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur’ iki gitabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 22:19
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe kuko mwatwaye urupfunguruzo rwo kumenya Imana. Mwebwe ubwanyu ntimwinjiye mu Bwami, ahubwo mwabujije n’abashaka kwinjira.”


Harahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi harahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.


Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha ntazobabazwa na gato n’urupfu rwa kabiri.


Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


“Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga.


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ