Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 21:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 21:23
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”


Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.


Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.


Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


Abo twagendanye baca bamfata ukuboko bantwara i Damasiko, kuko wa muco mwinshi wari watumye mpuma amaso.


Abo ni bo batandujwe n’abagore, ariko bazigamye ukwera kwabo, bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Bacunguwe bakuwe mu bantu, kugira ngo bashikanirwe Imana na wa Mwagazi nk’ivyeze ubwa mbere.


Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.


Ico gisagara cakayangana ubwiza bw’Imana kandi imishwarara yaco yari imeze nk’iy’akabuye k’igiciro kitwa Yasipi, kibonerana nk’ikiyo.


Amarembo y’ico gisagara yama yuguruye, kuko nta joro rihaba.


Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose.


Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ