Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 20:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese aciribwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 20:13
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba harazigamwe kugeza n’uwu musi.


Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birugururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza rw’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.


Maze rupfu na kuzimu bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.


Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


Haca haza ifarasi isa n’urwatsi rubisi. Uwuyigenderako yitwa Rupfu, uwaje amukurikira na we yitwa Kuzimu. Baca bahabwa ububasha, ku ca kane c’isi, bwo kumarisha abantu inkota, inzara, ingwara, n’ibikoko vyo mw’ishamba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ