Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 18:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nta muco w’amatara uzosubira gukayangana muri wewe. Nta majwi y’umukwe n’umugeni azosubira kwumvikana muri wewe. Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi. Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 18:23
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakunda kumwumviriza kuko yari amaze igihe abatangaza n’amareba yiwe.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Abami b’isi bose basambanye na we, kandi ababa kw’isi bose baborejwe n’umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe.”


Ibi ni vyo vyari vyanditse mu ruhanga rwiwe: babiloni hahambaye nyina w’abamaraya bose n’ibihumanya vyo kw’isi.


Nta bavuza inanga, abaririmvyi, abavuza imyironge canke inzumbete bazosubira kwumvikana muri wewe. Nta bakora utugenegene tw’ubwoko na bumwe bazoba bakiboneka muri wewe. Nta jwi ry’urusyo rizosubira kwumvikana muri wewe.


Kuko amahanga yose yanyoye ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco burenze urugero. Abami b’isi bose basambanye na co, kandi abadandaza bo kw’isi batungishijwe n’ibikayangana vyaco vyinshi cane.”


Abami bo kw’isi basambanye bakongera bagasangira na co ubutunzi bwaco, nibabona umwotsi wo gutongorwa kwaco, bazokiririra bongere bakigandarire.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose.


Maze abami bo kw’isi, abahambaye, abasoda bakuru, abatunzi, abakomeye, abagurano n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vy’amabuye vyo mu misozi.


Ntibigeze kandi bihana ubwicanyi, amareba, ubusambanyi n’ubusuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ