Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 18:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Hanyuma umumarayika w’inkomezi aca atora ibuye rimeze nk’urusyo runini, ariterera mu kiyaga, avuga ati: “Uku ni ko Babiloni, igisagara gihambaye, kizokubitwa hasi biteye ubwoba, kandi ntikizosubira kuboneka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 18:21
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.


Ariko ca gisato kiraneshwa, maze abamarayika baco na co birukanwa mw’ijuru.


Amazinga yose aranyika, n’imitumba yose ntiyaba ikiboneka.


Bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye, maze bakome induru bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, Babiloni ca gisagara gikomeye! Mu kanya isase, urubanza waciriwe ruragushitseko!”


Nta bavuza inanga, abaririmvyi, abavuza imyironge canke inzumbete bazosubira kwumvikana muri wewe. Nta bakora utugenegene tw’ubwoko na bumwe bazoba bakiboneka muri wewe. Nta jwi ry’urusyo rizosubira kwumvikana muri wewe.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


Nongera mbona n’umumarayika w’inkomezi asemerera n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwu muzingo w’igitabu no kuwugurura?”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ