Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 18:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Abadandaza bari baratungishijwe no gushora ivyo bidandazwa muri co, bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye. Bazorira, bagandare,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Abāshōra ivyo, batungishijwe n’ico gisagara, bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurirwa kwaco, barira baboroga,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 18:15
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko aca arabigisha ati: “Mbega Ivyanditswe ntibivuga ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengerwamwo n’amahanga yose’ ? Ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’”


Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abacira, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi.


Cahora kibagurira ibidandazwa bigizwe n’inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’utubuyenge; impuzu zera nziza, izitukura n’izisa n’agahama nziza; ivyakozwe mu biti bimota neza, ivyakozwe mu masenge y’inzovu, ivyabajwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, ivyacuzwe mu butare bw’umwakaka no mu vyuma hamwe n’amabuye abajwe.


Cabagurira kandi ivyitwa kinamoni n’ibindi birungo; amavuta amota neza, ibimotesha neza amavuta yitwa mira n’imibavu; imivinyu n’amavuta ya elayo; ifu inoze neza n’ingano; inka n’intama; amafarasi n’imikogote hamwe n’abantu bagurishwa nk’abagurano.


Bazovuga bati: “Ivyo wahahamira cane uravyatswe. Ubutunzi bwawe n’ugukayangana kwawe vyose biguhezeko, ntibizosubira kuboneka.”


Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, kimwe catungisha abafise amato ku kiyaga! Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!


Kuko amahanga yose yanyoye ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco burenze urugero. Abami b’isi bose basambanye na co, kandi abadandaza bo kw’isi batungishijwe n’ibikayangana vyaco vyinshi cane.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ