Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 17:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Arya mahembe cumi wabonye, ni abami cumi batarahabwa ubwami, ariko bazohabwa ububasha bamare ikiringo c’isaha imwe baganje hamwe na ca gikoko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kand’ amahembe cumi wabonye ni yo bami cumi batarīma, ariko bahabga kuganziriza hamwe na ca gikōko nk’abami nyene, kumara isaha imwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 17:12
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma nca numva ijwi rimbwira riti: “Utegerezwa kuvugishwa kandi ku moko menshi, amahanga menshi, indimi nyinshi n’abami benshi.”


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Ca gisato gica gihagarara ku musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. Hanyuma nca mbona igikoko gisokorotse kiva mu kiyaga. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi; ihembe ryose ryariko urugori, kandi ku mutwe wose hari handitseko izina ricokora Imana.


Kirya gikoko n’amahembe cumi yaco wabonye bizokwanka urya mumaraya. Bizomwambura ivyo afise vyose bimusige ari gusa. Bizomurya inyama hanyuma ibisigazwa vyiwe bibiturire mu muriro.


Bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye, maze bakome induru bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, Babiloni ca gisagara gikomeye! Mu kanya isase, urubanza waciriwe ruragushitseko!”


Mu kanya isase, ubwo butunzi bwose buhindutse ubusa!” Abagendesha ubwato, ababugenderamwo, abasoza hamwe n’abakorera ibikorwa vyabo mu kiyaga, bazobirabira kure.


Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, kimwe catungisha abafise amato ku kiyaga! Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ