Ivyahishuwe 16:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe21 Haca haza urubura rwinshi ruvuye kw’ijuru rugwa ku bantu kandi rumwe rwapima nk’ibiro mirongo itanu. Abantu baca batuka Imana kubera ico cago c’urubura, kuko cari icago giteye ubwoba. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)21 Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo ririvye nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogota ku Mana, kukw icago carwo gikomeye cane. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |