Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 16:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ubwo nyene haca haboneka imiravyo, humvikana urwamo rwinshi, imituragaro na nyamugigima ikomeye itari yigere kubaho kuva abantu babaho kw’isi. Iyo nyamugigima yari iteye ubwoba cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Habah’ imiravyo n’amajwi n’imituragaro, habaho no gutigita kw’isi guhambaye; nta gutigita kunganya n’ukwo ubuhambazi no gukomera kwigeze kubaho, uhereye ah’ abantu bākabereye kw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 16:18
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko hazobaho umubabaro n’agahinda bitigeze kubaho kuva isi iremwa kugeza ubu kandi bitazosubira kubaho.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.


Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso,


Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ