Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 16:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikōko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, havamw’ impwemu zitatu zihumanya, zisa n’ibikere:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 16:13
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.


Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “ ‘Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye!’ Ubu gihindutse inzu y’abadayimoni, ubwihisho bw’impwemu zihumanye zose, ubwihisho bw’inyoni zihumanye zose, n’ubwihisho bw’ibikoko bihumanye kandi bisesema vyose.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ