Ivyahishuwe 13:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe17 kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora gusuma canke kudandaza atagifise. Ico kimenyetso ni izina rya ca gikoko canke igiharuro gihagarariye izina ryaco. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)17 kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ic’ agura cank’ ic’ ashōra, atar’ ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’ igitigiri c’izina ryaco. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.