Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 13:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora gusuma canke kudandaza atagifise. Ico kimenyetso ni izina rya ca gikoko canke igiharuro gihagarariye izina ryaco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ic’ agura cank’ ic’ ashōra, atar’ ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’ igitigiri c’izina ryaco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 13:17
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.


Congera gitegeka ko abantu bose, abakuru n’abato, abatunzi n’abakene, abagurano n’abidegemvya, bashirwako ikimenyetso mu kiganza canke mu ruhanga,


Gutahura ibi bisaba ubwenge. Uwufise ubwenge arashobora gutahura ivy’ico giharuro c’ico gikoko, kuko ni igiharuro gihagarariye izina ry’umuntu. Ico giharuro ni 666.


Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”


Mu nyuma haza umumarayika agira gatatu, na we akurikira avuga n’ijwi rirenga ati: “Nihagira uwusenga ca gikoko n’igishushanyo caco, canke akemera gushirwako ca kimenyetso caco mu ruhanga canke mu kiganza,


Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,


Ibi ni vyo vyari vyanditse mu ruhanga rwiwe: babiloni hahambaye nyina w’abamaraya bose n’ibihumanya vyo kw’isi.


Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.


Bazobona mu nyonga hayo, kandi izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


“Ntiwonone isi canke ikiyaga canke ibiti tutarashira ikimenyetso mu gahanga abakoreye Imana yacu.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ