Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 13:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Gica gihabwa ububasha bwo guha ubuzima ca gishushanyo ca ca gikoko ca mbere, kugira ngo gishobore kuvuga no kwica abo bose bazoba banse kugisenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Gihabga guha ico gishushanyo c’igikōko guhūmēka, ngw ico gishushanyo c’igikōko kivuge, kandi cicishe abatazogisenga bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 13:15
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye.


Ca gisato gica gihagarara ku musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. Hanyuma nca mbona igikoko gisokorotse kiva mu kiyaga. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi; ihembe ryose ryariko urugori, kandi ku mutwe wose hari handitseko izina ricokora Imana.


Cari gifise ububasha bwa ca gikoko ca mbere, kirakiganziriza. Gica gitegeka isi yose n’abantu bose bayibako gusenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira igikomere giteye ubwoba.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”


Mu nyuma haza umumarayika agira gatatu, na we akurikira avuga n’ijwi rirenga ati: “Nihagira uwusenga ca gikoko n’igishushanyo caco, canke akemera gushirwako ca kimenyetso caco mu ruhanga canke mu kiganza,


Umumarayika wa mbere aragenda asuka ivyari mu rwavya rwiwe kw’isi. Haca haduka ibisebe bibi kandi bibabaza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco.


Nca numva umumarayika yari afise ububasha ku mazi avuga ati: “Wewe Wera, uwuriho kandi wamyeho, uragororotse mu guca imanza nk’izi.


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Kuko Imana yashize mu mitima yavyo gushitsa ivyo ishaka, bizokwemeranya guha ububasha bwavyo ca gikoko, gushitsa amajambo y’Imana ashikijwe.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Muri co habonetse amaraso y’abavugishwa n’ay’abera b’Imana, hamwe n’ay’abandi bose biciwe kw’isi.”


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ