Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.
Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.