Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 6:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 6:2
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati: “Yikoreye ubumuga bwacu, yishirako ingwara zacu zose.”


Yesu aramwishura ati: “Namwe bigisha b’ivyagezwe, muzobona ibara kuko muremereza abantu imitwaro iremereye, kandi ubwanyu mutanayikozako urutoke.


Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.


Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.


Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa.


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


Ku banyamahanga batagira ivyagezwe nabayeho nk’uwutabigira n’aho nganzwa n’ivyagezwe vy’Imana, nkubaha ivyagezwe vya Kristo, kugira ngo nzane abatagira ivyagezwe kuri Kristo.


kuko umuntu wese akwiye kwikorera umutwaro wiwe.


Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.


Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.


Mu mvugo no mu ngiro, mukore nk’abazocirwa urubanza n’ivyagezwe bitanga umwidegemvyo,


Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”


Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.


Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe.


Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.


Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana atagerezwa gukunda bene Data.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ