Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Galatiya 6:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Amahoro n’imbabazi bibane n’abagendera iyo ngingo, kandi bibe no kuri Isirayeli y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abazogendera kur’ urwo rugezo, amahoro abe muri bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Galatiya 6:16
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.


Kandi mu buryo bw’impwemu, Aburahamu ni sekuruza w’abo bose bakebwe, ariko ni mu gihe bafise ukwizera nk’ukwo yari afise imbere y’uko akebwa.


Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.


Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.


Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.


None rero, ko tubayeho ku bwa Mpwemu, reka turongorwe na we mu buzima bwacu bwose.


Amahoro abe kuri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo.


Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Imbabazi, amahoro n’urukundo bibe muri mwebwe birwiriye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ